Homefootball# Indundi Sports | Ukuri kuvurwa ku rupfu rw’umumenyeshamakuru Thierry Niyungeko

# Indundi Sports | Ukuri kuvurwa ku rupfu rw’umumenyeshamakuru Thierry Niyungeko

 

 

 

Umumenyeshamakuru w’inkino  n’Umwanditsi Thierry Niyungeko yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo .

Niyungeko Thierry akaba yaraye yitavye Imana , kuri uyu wa Kane i genekerezo rya 14 Ndamukiza 2022, inyuma y’uko yari yateramanye n’abagenzi biwe basangira urukanywa banafungura mu nzu imwe y’ubunywero ya hano mu gisagara ca Bujumbura.

Ngiyi intandaro ivurwa vurwa Ku rupfu rwiwe ndetse ikanemangwa na mushikiwe , , ngo ikaba ari Umukeke yariye .

Uwo mushikiwe akaba avuga ko Thierry Niyungeko yari  mu kabare yarimwo  na bagenziwe  yasavye ko bomuzanira umukeke arinawo waciye umubangamira munda .

Mushiki wa nyakwigendera akaba yagize ati’’ Ejo yari kumwe mukabare n’abagenzi biwe hama arasaba umukeke , agitanguye gupfungura niho yaciye abwira bagenziwe ko naho ariko arafungura atameze neza. ” bagenzi nabo bati ‘’ oyah wosanga ari ibirungo vyinshi .”

‘’ Thierry yaciye ataha ageze muhira niho guca atangura kurwara ingwara yo gucibwamwo no kudahwa , yari Diarhée y’ubudaca umenga ni ibombo ry’amazi buguruye niho guca tuvuga duti ‘’ reka tumutware kwa muganga , naho nyene yagiye kwa muganga yambaye Pampers .

‘’ Twamutwaye iruhande yo muhira kuko muhira ni kurya gatanu kumutakura , hama kurya gatatu hariho aka Dispensaire kari harya dushitseyo ico yasavye yaciye asaba Toilette umuganga abona kumushira Serumu muri Toilette , ubwo nyene amushize iSerumu yaciye acikana mugabo yacikanye avuga ijambo rimwe ati’’ ifi nariye ejo n’abagenzi banje ‘’ aca abona kwitaba Imana .”

Thierry Niyungeko yakuriye muri Centre Jeune Kamenge , muri Association Jaama ASBL , yize Saint Esprit na Saint Albert .

yakoreye ibinyamakuru bitandukanye nka Iwacu , yakoze muri FFB , aba n’umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi AJSB , yakoze kandi muri Comite National Olympique.

muri kino gihe umuhisi yari yaronse amasezerano na BAPUD muvya Covid -19.

 

Mwomenya ko Umuhisi Thierry Niyungeko  yashengeye asize umwana1.

Imana imwakire mu bwami bwayo .

 

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...