abakinyi bakina hanzehomepageInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports| Bigirimana Abedi yahakanye ibivurwa y’uko yoba amaze kugurwa na Young Africans

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba na Kiyovu Sports yo mu Rwanda Bigirimana Abedi arabeshuza ibiriko bivurwa y’uko yoba amaze kugurwa na Young Africans.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenenerezo rya 19 Ndamukiza 2022 , ibinyamakuru bitari bike vyo mu Burundi no muri Tanzania vyaraye bikwiragije inkuru ivuga y’uko umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Bigirimana Abedi yaguzwe imiriyoni 200 z’amashilingi yo muri Tanzania n’umugwi Young Africans wo mu gihugu ca Tanzania.

Ivyo Bigirimana Abedi akaba yabihakanye , ariko yemereye Indundi Magazine y’uko abarongozi b’umugwi Young Africans bamwegereye bamubwira y’uko bamwipfuza barayaga , igisigaye ni igurwa ryiwe gusa.

Bigirimana Abedi akaba ari umwe mu bakinyi bafatiye runini cane umugwi Kiyovu Sports wo mu gihugu c’Urwanda.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 177