homepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Joslin Bipfubusa yakombowe ubugira kabiri muri Aigle Noir

Joslin Bipfubusa na Dr Jean Claude Majambere bakombowe mu mugwi Aigle Noir.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2022, umunyamabanga mukuru w’umugwi Aigle Noir Niyonkuru Domitien, yasohoye ikete ryo gukombora umumenyereza mukuru w’umugwi Aigle Noir Joslin Bipfubusa hamwe n’umuganga w’uwo mugwi Dr Jean Claude Majambere.

Impamvu yatumye bakomborwa n’uko batubahirije amasezerano bumvikanye n’umukoresha .

Iryo kete rikaba rivuga y’uko naho bakombowe umugwi Aigle Noir uzobandanya ubahemba nk’uko vyahora.

Joslin Bipfubusa akaba yasubiriwe n’umumenyereza Aimé Nzohabonayo.

Mwomenya y’uko Joslin Bipfubusa ribaye irigira kabiri akombowe muri ayo mabanga yo kumenyereza Aigle Noir , ntawuramenya y’uko uwo mugwi uzosubira kumugarukana.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 157