Urunani ni umwe mu mirwi y’umupira w’amaboko Basketball mu Burundi witeguriye neza ihiganwa rigiye gutangura rwitirowe Viva basketball League.
Ngo naho mw’ihiganwa rito ryo kwugurura ihiganwa rikuru batitwaye neza,mu Runani bavugako biteguye ku buryo bwose bushoboka kugira ngo bazotahukane iryo higanwa.
Bamenyesha kandi ko bishimirira ukwo abakinyi bamerewe kuko bose bameze neza cane,bagatumira abakunzi babo kubama hafi mu gihe c’imyimenyerezo.
Ni no kuri iyo mvo yo kwitegurira iryo higanwa hategekanijwe urukino rwa kivandimwe muri uwo mugwi ,aho bigabuyemwo imirwi ibiri, umwe ikaba irongowe na Landry (Team Landry) iyindi ikaba irongowe na Davy(Team Davy) bakazokinira ku kibuga ca Jabe quartier 3 igenekerezo rya 30 Ndamukiza igihe c’isaha umunani (14h),bahamagarira abakunzi babo kwitabira ako kamo bateye.
Tubibutseko ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye Viva basketball League rizotangura ku magenekerezo ya 07 05 2022
Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.