Urafise ihangiro uzoshikako nko mu myaka indwi canje irenga?
Umuntu ahejeje akihweza uko ubuzima bugenda, araheza akabona ko harimwo ibisa n’intambara umuntu yama ariko ararwana. Izo ntambara rero ni intambara z’ukuja ku masonga. Umuntu wese arafise ahantu yifuza gushika, kugira aheze ace yumva aruhutse , atekaniwe. None woba ufise ihangiro mu mutwe , aho uzoshika mu myaka 07?
Ibitabo vyose abashitse kure banditse baramenyesha y’uko aha mu buzima kugira ushike kure bigusaba kuba warihaye ihangiro ( Objectif) ushaka gushikako, ugaheza ukiha rero n’ikiringo c’ukurishikako, maze ugaheza ukaza uratera intambwe buri musi gutyo , dogiri dogiri ukazoteba ugashika aho ushaka. Ni urugamba rw’umusi ku musi
Mbega ntibigushikira ugasanga hari umusi ugiye uko, atakintu na kimwe ukoze kijanye n’iryo hangiro?
Ivyo bishobora nimba bitaragushikira, yamara umenye ko bishikira benshi. None iyo usanze vyagushikiye uraheza ukabigenza gute? Kenshi rero turaheza tugaca twinumira, tukongerako tukavuga duti ni ”ibisanzwe”. Ico womenya n’uko, umwansi afise ubwenge bwishi utoca n’ikanda. Uzobona ko hagira igihe wogize ngo ukore kino kizoguteza imbere , ugaheza ugaca ubona haradutse ingorane zinyuranye, gutyo umusi wawe ukaba ugiye uko.
Muti none twobigira gute?
Shikiriza akababaro
Menya ugushikiriza akababaro. Mu rwevu twaciye rero. twasanze, hariho uburyo bw’impwemu bw’ugushikiriza akababaro, ico twokita akababaro keranda. Kuva na kera na rindi, umuntu muri kameremere kiwe uko aremye arazi ko hariho inguvu zindi zimurengeye, kandi kanatsinda akaba yarahawe n’ibitari bike vy’ugukoresha mu kurondera gutabarwa. Twahawe kuvuga, kuvuza akamo canke ukuririmba.
Bikore gutya.
Abemera , Umwami Yezu Christu, barazi ko igisabisho ”Dawe wa twese” yadusigiye, cari gihagaze ku bintu gusa umuntu yoshobora gusaba bijanye n’uwo musi nyene. Abahinga babigendereje mu mpwemu baravuga y’uko umusi, mu kiringo utawutunganije ngo haheza hakaba izindi nguvu ziwutunganya. Mu kiringo rero uheza ugasanga ntiwatunganijwe uko wabishaka, maze ugasanga ivyo wari washatse ko biba sivyo vyabaye, twaraciye urwevu duheza dusanga wokoresha izaburi ya 13 ( Psaume 13) kugirango ushikirize ako kababaro Imana maze nayo iheze itabare.
Ayo majambo ni ay’ukuzirikana, akanyengetera mu bwonko no mu mushaha, gushika aho uzoheza ukabona ihinduka mu buzima bwawe, ku bijanye n’ugutunganya umusi