HomeEntertainmentKidum na Andy Mwag bagiye gusubira kuwakiriza hamwe hazoca uwambaye ku Mutwenzi...

Kidum na Andy Mwag bagiye gusubira kuwakiriza hamwe hazoca uwambaye ku Mutwenzi bar

Kidum na Andy Mwag bagiye gusubira kuwakiriza hamwe hazoca uwambaye ku Mutwenzi bar

Ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi ribicishije mu kinyobwa caryo Amstel n’abagenzi burwo rukanywa bategura gusangira nk’abagenzi bafadikanije n’abaririmvyi, aba DJ basanzwe bavuza umuziki ndundi (Runtown DJ)bakabikora mu guteramika abakunzi b’urwo rukanywa (tournée des Amis).

Muri Brarudi bakaba batanguranye ivyo birori na MB Data hamwe na Dr Claude hari kuri Pasta Comedy
ku ncuro igira kabiri bakoranye na R Flow ,Double Jay,Meili,Kigingi kuri Sky Star.

Ku ncuro igira gatatu isango n’igenekerezo rya 6 Rusama 2022 Kumutwenzi Bar
Kidum azoba y’ishikiye mu gihugu c’Uburundi aho bagiye gusubira guhurira kuri Stage na Andy Mwag, n’inyuma y’igihe kitari gito batakirikumwe, na rirya Andy Mwag bakoranye ndetse akaba nk’umwana wiwe mu muziki, yanakuriye muri Boda Boda Band ya Kidumu ubwiwe.

Ngo uwokwigisha yomenyesha ukuntu Andy Mwag asanzwe abikora neza bahuye na Kidum, R flow,Mo kanzia, aba DJ nka DJ Israël,DJ Philibyte, umuziki ndundi gusa niwo uzoba uhibereye abatazohaba ngo bazohomba.

Indundi Magazine ikaba ikenguruka ico gikorwa ciza coguhuza abaririmvyi ata mu nyamahanga , nabo bakaharonkera aka noti.

Uwumaze gukurikirana ivyo biteramo arabona KO babikora mu rukundo aho ushobora kubona abaririmvyi batumiwe bose bahuriye kuri stage bafashanya indirimbo y’umuririmvyi umwe .

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...