footballIKIRUNDI_newsintamba murugambakirundikirundi_Sportsprimus ligue

Indundi Sports | Umugwi Aigle Noir waraye wirukanye Ndikumana Asmani Garden

Asman Ndikumana batariza Garden ntakiri umukinyi w’umugwi Aigle Noir the Fightersi, vyo bika vyabonetse mu rwandiko rwasohowe n’ubuyobozi bw’umugwi Aigle Noir .

Ndikumana Asman yagirizwa n’uburongozi bw’uwo mugwi kutaguma kumwe n’abandi bakinyi nko murukino ruheruka aho Aigle Noir yakiriwe na Rukinzo uwo mukinyi atigeze aboneka .

Uburongozi bwa Aigle Noire bukaba butigeze bwihanganira uwo mukinyi, uriko guca rumwirukana burundi mbere bukaba baciye bumenyesha ko imiryango yuguruye ku mirwi yokwipfuza uwo mukinyi .

Ndikumana Asman Garden mu mwaka uheze yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze Primus League ndetse n’umsaitizi yinjije ibitsindo vyinshi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 128