HomeIKIRUNDI_newsViva basketball League yamaze kudushwaramwo Ku ncuro yayo yambere

Viva basketball League yamaze kudushwaramwo Ku ncuro yayo yambere

Ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball mu Burundi buca ritangura ,iryo higanwa rikuru bitiriye Viva basketball League aho bukera rikazoba ritanguranye inguvu kuko imirwi nka yose yo muri FEBABU yamaze kumenyera amahiganwa.

Imigwi izokwitabira iryo higanwa imaze imisi iryitegura ku rugero rwohejuru,aha twobamenyesha ko mu migwi izokwitabira iryo higanwa,umugwi uzoba wakiriye uzoza urahabwa amafaranga ibihumbi ijana kuri buri rukino. Umugwi uzoba wakiriwe uduze ruguru canke umanatse mu gisagara ca Bujumbura ukazohabwa amafaranga ibihumbi amajana atatu(300.000 Frbu) nkuko vyamenyeshejwe nuwutwara iryo shirahamwe Apôtre Jean Paul Manirakiza.

Inkino zikaba zitangura kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 7/05/2022 ku kibuga ca Département aha mugisagara ca Bujumbura.

Inkino zitegekanijwe uku gukurikira:
Kuwagatandatu :
-11h:Les Hippos vs Dynamo
-13h:Young Eagles vs Brothers
-15h:Remesha vs Gymkhana

Kumusi w’Imana
-12h:Aigle noir vs Tigers
-14h:New Star vs Urunani

Tubibutseko iryo higanwa rikuru bitiriye Viva basketball League rizokwitabirwa n’imigwi 6 yo mugisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yomugihugu hagati.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...