homepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

# Indundi Sports | Umusi ikibuga ca Nkurunziza PPC kizokugururwa wamenyekanye

Ikibuga c’umupira w’amaguru Nkurunziza Peace Park Complex c’i Makamba kigiye kwugururwa.

Abicishije ku rubuga Facebook , Honorable Révérien Ndikuriyo  asanzwe ariwe yashinze umugwi Aigle Noir The Fighters yamenyesheje ko ikibuga Nkurunziza Peace Park Complexe gishobora kwugururwa igenekerezo rya 25 Ruheshi 2022.

Ico kibuga citiriwe izina ry’umuhisi Prezida Nkurunziza kikaba cakira abantu bashika ku ibihumbi 33.

Bikavurwa y’uko umusi w’iyugururwa ry’ico kibuga, umugwi Aigle Noir uzokwakira umwe mu migwi ikomeye yo muri kano karere.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 162