HomeEntertainmentSat_B ngo mu mufashe gushimira Belle Nice we yatumye adatambatamba

Sat_B ngo mu mufashe gushimira Belle Nice we yatumye adatambatamba

Kw’igenekerezo rya 11 Rusama n’isabukuru y’amavuko ya Belle Nice umukenyezi wa Sat-B bafitaniye n’ikibondo kizwi kw’izina rya Liam.

Bompi uko babanye muri kino gihe urabona ko urukundo rwabo baruzitiye imbere yaho bigeze kuba badacana uwaka.

Isabukuru y’amavuko ya Belle Nice ihurirana n’umusi umuhisi Bob Marley yagiriyeko, uwo benshi bita Ko ari umwami wa Reggae akaba n’umu Rasta,
uko umwaka utashe akaba y’ibukwa kw’isi yose kuri iryo genekerezo nyene.

Sat-B akoresheje amajambo akomeye y’Urukundo yashoboye kwipfuriza isabukuru nziza umukunzi wiwe Belle Nice
yagize ati:
“Mfasha kw’ipfuriza isabukuru ryiza Miss wanje Belle9ice we yatumye ntekereza ntatambatamba
Gi sitari Bimpa kubaho mu mutekano w’umufuko n’umutima ampereza na cadeau ya Liam Salim Givenchy
Aranaryoshe caneeeee
Ntibagiye gushima Imana ikidutije ubuzima.
HBD Goat.”

Ayo n’amajambo yanditse Sat _B
indundi magazine ikaba ironkeyeyo n’akaryo kokwipfuriza isabukuru ryiza Bellenice.

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...