Ku ndwi ya kabiri y’ihiganwa ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye “Viva basketball League” ibintu ntibigiye kworoha mw’iyi weekend twinjiyemwo.
Aho imigwi yo mu gihugu hagati iriko yiritwara neza,kuri iyi ndwi Young Eagles izokwerekana ubuhinga bwayo imbere y’Urunani umurwi uhagaze neza mu gisagara ca Bujumbura
Inyuma yaho urukino rwari guhuza Urunani n’umukeba warwo New Star rutabadanije bivuye ku mvura yaguye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana,gutyo urukino ruba rwurasivye tutaramenya igihe ruzosubirirwamwo.
Uku niko imigwi izohura muri iyi ndwi.
Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Rusama 2022 ku kibuga ca Département :
-13h: Brothers vs Aigle noir
-15h: Dynamo vs New Star
Ku kibuga c’i Gitega
-Young Eagles vs Urunani:13h
-Tigers vs Gymkhana :15h
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 15 Rusama 2022 ku kibuga ca Département :
-Aigle noir vs Dynamo :11h
-Les Hippos vs Remesha:13h
Kukibuga c’i Gitega :
-Young Eagles vs Tigers:09h
-Gymkhana vs Urunani:11h
Tukabibutsa kandi ko iryo higanwa rikuru bitiriye Viva basketball League rizokwitabirwa n’imigwi 6 yo mugisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yo mugihugu hagati.
Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.