HomeBurundiBig Fizzo na Bruce Melodie ngo bagiye kwinjira muri Studio

Big Fizzo na Bruce Melodie ngo bagiye kwinjira muri Studio

Big Fizzo hamwe n’umuririmvyi Bruce Melodie uno musi Ari ku mugabane w’uburayi gukora Tours ngo bafise Ibikorwa bikomeye bariko barategura gukora.

Mu kuyago yagiranye na Isanamu Media Igisata gikorera ku mugabane w’Uburayi, uwo muririmvyi yavuze ko hari ikiyago bagiranye na Mugani Desire, ngo mu mwanya muto cane bazohura.

Umumenyeshamakuru wa Isanamu Media akaba yamusokoroje ko Hari ivyo bafise bariko bategura.

Mukamenya ko Bruce Melodie urugendo arimwo kuri uwo mugabane yagiye ajanye na Madebeat umwe mu bahinyanyuzi bakomeye I Kigali, ariko Kandi Ari no mu basanzwe bafitanye amasezerano na Label isanzwe ikurikiranira hafi ibikorwa vya Bruce Melodie.

Bakoranye Indirimbo ikaba izoba ariyo ndirimbo yari isigaye kugira akwize Collabo za East Africa kuko Bruce Melodie yaramaze gukorana n’abaririmvyi nka Bose bakomoka muri Afrika y’ubuseruko.

Mukibuka ko Big Fizzo Ari mu baririmvyi batarabwa ryiza n’abafana cane cane abafana biwe kubera ko ngo abasondeka ntakore ama Collabo n’abaririmvyi bo muri kano karere.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...