HomehomepageUmugwi Gymkhana ubandanya witwara neza mw'ihiganwa Viva basketball League

Umugwi Gymkhana ubandanya witwara neza mw’ihiganwa Viva basketball League

Viva basketball League ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball mu burundi riteye ku ndwi yaryo ya kabiri,biboneka neza ko umugwi Gymkhana uhagaze neza cane kuko mu nkino zitatu bamaze gukina atanarumwe baratakaza.

Ku ndwi ya mbere yiryo higanwa rikuru ry’umupira w’amaboko umugwi Gymkhana watsinze umugwi Remesha ku manota 78 kuri 74, Uwo mugwi utsinda Tigers Ku ma nota 79 kuri 64, kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 15/05/2022 Gymkhana yirahiye umugwi Urunani mu gisagara ca Gitega Ku manota 85 kri 82.

Uku akaba ariko inkino zagenze ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14/05/2022.

Kuri département
-aigle noir 78-74 Brothers
-New Star 79-64 Dynamo

Kukibuga c’i Gitega

-Young Eagles 40-80 Urunani
-Tigers 64-79 Gymkhana

kuw’Imana igenekerezo rya 15 05 2022 Umugwi Urunani ukaba utorohewe hariya i Gitega aho wagiye gutsinda Gymkhana amanota 82 kur 75.
-Tigers 68-66 Young Eagles.

Indundi Magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...