Homefootball#Indundi Sports | Omar Ntakagero yaraye agabiwe inka n’umukunzi wa Athletico New...

#Indundi Sports | Omar Ntakagero yaraye agabiwe inka n’umukunzi wa Athletico New Oil

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 15 Rusama 2022, Umurongozi Mukuru w’umugwi Athletico New Oil Academy , Niyibizi Ismail Apolinaire batazira apolo hamwe na Staff y’abarongoye umugwi wa Athletico New Oil Football Academy barakoranije hamwe na Staff Technique, abakinyi na bamwe mu bakunzi b’uwo mugwi mu kwirimbura no kwishimira ukuntu ihiganwa ryagenze muri rusangi umwaka wa mbere umugwi ukinye mu cicaro ca mbere.

Mu gihe uwutwara Athletico New Oil yariko afata ijambo yashoboye guha ijambo umwe mu bakunzi b’uwo mugwi , uwo mukunzi w’uwo mugwi afashe ijambo yaciye yemera kugabira inka Umumenyereza mukuru Omar Ntakagero , bivanye n’ingene yavyitwayemwo muri uwo mugwi ndetse asubira yemera y’uko azogura abakinyi babiri , yongere azoze aratanga intererano y’ibihumbi amajana abiri ( 200.000 FB) buri kwezi mu gushigikira imigabo n’imigambi y’umugwi.

Abakinyi nka Nduwimana Haile Shalom , Ndizeye Seif hamwe na Yasser Arafat umwe mu bakunzi b’uwo mugwi nabo nyene yarabemereye agashirukabute.

Muri rusangi abakunzi b’uwo mugwi bose basavye uwutwara uwo mugwi Athletico New Oil Academy , Niyibizi Ismail Appolinaire kugumana Staff irongowe na Omar Ntakagero.

Mwomenya y’uko ivyo vyose vyabaye inyuma y’aho umugwi Athletico New Oil Academy utsindiwe i Muyinga n’umugwi Flambeau du Centre ibitsindo 2-1.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...