HomehomepageAgapfukamunwa mu Rwanda ngo ntibikiri itegeko

Agapfukamunwa mu Rwanda ngo ntibikiri itegeko

Kigali ni kimwe mu bisagara vyo muri Africa y’ubuseruko vyabonetsemwo amategeko akomeye ku bijanye n’ukwikingira Covid-19, ariko uko imisi igenda Niko bagenda batezurirwa buke buke.

Guhera kuri uyu wa gatanu, muri ico gihugu ntibikiri itegeko kwambara agapfukamunwa kugira ubashe gusohoka Aho uba. Ivyo birekuwe mu gihe Hari hageze Aho ufashe ata gafukamunwa wacibwa amande agera ku 10,600 frw(arenga gato 30.000 fbu).

Naho kakuweho, hakaba hari bamwe bahimirizwa kuzokambara, abo bakaba Ari abazoba bagiye mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, naho abari mu bubare no mu buriro batabwambara kubera baba bariko barafungura banywa.

Kigali ariko ikaba isaba abantu kwipimisha kenshi gashoboka ico kiza, ariko Kandi bakikingiza ico kiza, gushika ku rukingo rwa 3, kugira bagire ubudahangarwa bukwiye. Hakaba hari n’ibibanza udashobora kwinjira utarakwiza izo nkingo nka Kigali convention Center (KCC)

Ivyo Kandi bikaba birekuwe mu gihe ico gihugu kigiye kwakira inama ihuza abahurikiye mu muryango w’abavuga ururimi rw’icongereza (CHOGM 2022), inama iba buri myaka 2, iyaheruka ikaba yari yabaye mu mwaka wa 2019.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...