HomeEast Africa NewsIyo ndege ya Diamond Platnumz izogurwa ngo n'ububeshi, ntashoboye kuyigura

Iyo ndege ya Diamond Platnumz izogurwa ngo n’ububeshi, ntashoboye kuyigura

Amakuru agize imisi ariko arakwirakwizwa hirya ni hino, nuko umuririmvyi Diamond Platnumz ng uwu mwaka udashobora guhera ataragura indege yiwe bwite(Private Jet).

Ayo makuru akaba agize imisi akwirakwizwa n’abatari bake muri Tanzania, ariko Kandi akemezwa na bamwe mu bamwegereye.

Naho ayo makuru aguma yemezwa n’abamwegereye, ngo bwoba Ari ububeshi Diamond ntazogura indege yiwe bwite, ahubwo izogurwa ishirwe kw’izina ryiwe.

Nkuko amakuru ashikirizwa na Carrymastory umwe mubakoresha Instagram bakomeye muri Tanzania, ariko Kandi inakurikiranwa cane muri ico gihugu abishikiriza, ngo amakuru afise nuko uwo muririmvyi atazosohora n’urukoroka.

Uwo muririmvyi ngo nkuko vyama, hari umunyamafaranga azoyigura noneho ishirwe kw’izina ry’ico gihangange noneho ashirwe mu banyamitahe b’iyo ndege.

Uwo mukobwa Ari mu bavuga rikijana mu vy’imyidagaduro muri Tanzania, avuga uwo muririmvyi Diamond co kimwe n’abandi baririmvyi bakomeye muri ico gihugu, ngo ata numwe afise ubushobozi bwo kugura indege, kuko n’imodoka zikomeye bivugwa ko zaguzwe, ngo ntizaguzwe Ari nshasha.

Ivyo biruko mu gihe umwe muba Manager ba Diamond Platnumz bari bashikirije mu mwaka uheze ko bariko baritegurira umuzo w’iyo ndege kuko ivyankenerwa nka vyose vyasa n’ivyabonetse ico gihe.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...