HomeBurundiMiss Kelly Ngaruko ngo ntatahura uko bamugereranije na Miss Rwanda  Miss...

Miss Kelly Ngaruko ngo ntatahura uko bamugereranije na Miss Rwanda  Miss Burundi 2022

Miss Burundi 2022 ariwe Miss Kelly Ngaruko mu gihe gusanishwa na Tambwe vyamutwengeje cane gushika yaho atangura kubona ko basa, ngo hari ivyabaye vyamushegeshe.

Atorwa, abantu batari bake bakaba baramugereranije na Miss Rwanda, aho bamwe babagereranya barabiye ku bwiza n’ibindi vyinshi.

Miss Kelly kubwiwe ngo ivyo ntivyari bikwiriye kuko ico gihe cararenganye, ahubwo akaba abona ko abantu bari bakwiye kuryohererwa ababo baba batowe.

Yagize Ati : ” Iyambabaje mu ntango ni ukugereranywa baciye batangura kugira, Miss Burundi na Miss Rwanda. Arya navuga nti rugero tugezeko sinibaza ko umuntu akigereranya ngo Umukobwa uyu n’uyu. Twese turatandukanye tuva muma region atandukanye. ” Yongerako ati : ” Je vyarantangaje, hakunezerererwa umwigeme ashoboye gushika ahantu. Egome vyamyeho, ariko turamaze kurengera urwo rwego.”

Miss Kelly akaba yavugiye muri Fun and Facts ko naho vyari bimubabaje, ngo yaryohewe yumvise ko Hari abo basangiye iciyumviro bahagurutse bakavyiyamiriza ko bidakwiye, hageze ko hatezwa imbere abiwacu.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...