abakinyi bakina hanzeBurundifootballIKIRUNDI_newsintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Ramazani Largie ashobora gukina muri La Liga mu mwaka uza

Atagisivya , umukinyi w’umurundi asanzwe afise ubwene gihugu bw’ibubirigi  ariwe Ramazani Largie agiye gukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Espagne.

Largie Ramazani w’imyaka 21 , akaba asanzwe akina mu mugwi wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Espagne mu mugwi witwa Almeria. Uwo mugwi wa Almeria, ukaba usigaje gutsinda urukino rumwe gusa kugira uduge mu cicaro ca mbere , urwo narwo rukazoba ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Rusama 2022 ruzobahuza na Alcorcon.

Umugwi Almeria ukaba uri mu kibanza ca mbere n’amanota 79 mu nkino 39 umaze gukina.

Mu nkino 28 Ramazani Largie amaze gukinira umugwi Almeria , amaze gutsinda ibitsindo 8 atanga n’umupira umwe uvyara igitsindo ( Assist).

Mwomenya y’uko Ramzani Largie amaze gukinira umugwi nserukira gihugu w’ububirigi w’abakiri bato, akaba asanzwe avukana n’umukinyi w’intamba mu rugamba Diamant Ramazani. Gushika ubu ntarahitamwo gukinira umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba, ariko mukuruwe wewe yamaze guhitamwo gukinira Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 36