abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Fiston Abdoulrazaq na RS Berkhane baraye batahukanye igikombe ca Confédération Cup

Umugwi RS Berkhane wo mu mu gihugu ca Maroc ukinamwo Fiston Abdoulrazaq , waraye utahukanye igikombe ca CAF Confédération Cup, uwo mugwi ukaba waraye utahukanye ico gikombe utsinze umugwi Orlando Pirates wo mu gihugu ca Africa y’epfo utsinze kuma penalties 5 kuri 4, mu gihe urukino rwari rwarangiye iyo migwi yose inganije 1-1.

Naho uwo mugwi waraye utahukanye ico gikombe, umukinyi w’umusatirizi w’Uburundi Fiston Abdoulrazaq ntiyigeze ahonyoza ikirenge mu kibuga canke ngo abe ku rutonde rw’abakinyi 18 .

Kuva Fiston Abdoulrazaq atijwe muri uwo mugwi wa RS Berkhane ntarahabwa umwanya ukwiye wo gukina.

Mwomenya y’uko umugwi RS Berkhane usanzwe umenyerezwa n’umumenyereza yamuka mu gihugu ca Congo Florent Ibenge.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 21