HomefootballMbappe ngo agumye muri PSG kuko ari umufaransa

Mbappe ngo agumye muri PSG kuko ari umufaransa

Imyaka yindi 3 niyo umukinyi w’umufaransa Kylian Mbappe agiye gukinira umugwi wa PSG, nkuko bahejeje kubimenyesha mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru.

Muvyo yashikirije, Kyliana yavuze ko ata numwe mu bakinyi bakinana yari bwabwire ko azobandanya akinira uwo mugwi, kuko ngo umugwi washatse ko biguma ari ibanga, noneho bakabibwirira abantu icarimwe.

Ku kibazo c’uko yoba agiye guhabwa ayandi mabanga akomeye muri uwo mugwi, Kylian yavuze ko we aguma ari umukinyi, ko atazorenga muri ico gikorwa asanzwe afise muri uwo mugwi wa PSG.

Nayo ku c’uko yoba ashaka kuzoca ahabwa ikibanza ca Kizigenza w’umugwi, Kylian avuga ko atarivyo na gato, kuko ngo kizigenza bafise arakwiye, ngo ntiyipfuza kuja gukorogana.

Nayo ku kibazo c’ukwihindukiza mu gihe mu mwaka uheze yashatse kuja muri Real Madrid ntivyakunda, none ubu aruhiye kubandanya akinira uwo mugwi, yavuze ko ashima kuguma mu bufaransa kuko asanzwe ari n’umufaransa kandi niheza gukina umupira w’amaguru ngo azoca asubira mu bufaransa.

Mbappe bikaba bivugwa ko yahawe amafaranga atari make angana n’imiliyni 700 z’amafaranga y’amanyaburaya kugira abashe kwemera gushira umukono kuri ayo masezerano azobashikana mu mwaka wa 2025.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...