HomeEntertainmentMutima ngo ubushimwe ,ibikombe kumwe n'ibiteramo bimwemeza ibihe arimwo

Mutima ngo ubushimwe ,ibikombe kumwe n’ibiteramo bimwemeza ibihe arimwo

Mutima le comédien mumuzi mu mareresi yiwe atwenza aca kuri Indundi Tv,hariho n’iyindi mpano yerekanye yo kuririmba ivyobikorwa vyose akabikorana umwete .

Icemeza ko Ibikorwa vyiwe bishimwa akaba ari uko hirya no hino abandanya yizerwa n’abanyamitahe batandukanye kugira bakorane ku buryo bwo kumenyekanisha ibidandazwa vyabo( publicité) , akarorero wasili inyuma yo gukorana na Kigingi na Sat -B, muri Kino gihe ikorana na Mutima le Comédien.

Uretse abanyamitahe n’abatanga ubushimwe ku banyabuhinga bakoze neza umwaka wose baramaze gutahura ko Mutima le comédien aza Ku numéro ya mbere.

Inyuma yaho AJS imuhereye agashimwe nk’umu comédien w’umwaka, Hidden- Talent inzu isanzwe ikorana n’abanyabuhinga batandukanye, kw’
igenekerezo rya 21 Rusama 2022 yaratanze ubushimwe butandukanye kubakoze neza umwaka 2021,
Mutima le comédien nawe yarahawe agashimwe nk’umu comédien w’umwaka.
Nayo akabirya nuko Hidden- Talent yatanze n’akandi gashimwe ka Team Mutima bisigura ko baronse ubushimwe bubiri butandukanye.

Ku ruhande rwa Team Mutima ngo baroze Intamba ibisazi ni mu bitege baraje, nayo Mutima le Comédien we ngo ibiteramo ,ibikombe n’Ubushimwe bimwereka ibihe vyiza arimwo.
Akaba akengurukira aba fana bo babandanya bamugumako.
Indundi Magazine ikabandanye ikeza urwo rwaruka rwatahuye impano iri murirwo KO ishobora kuruteza imbere.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...