Umukinyi w’intamba mu rugamba akinira umugwi Istanbul Basaksehir wo mu gihigu ca Turky ku rutonde rw’abakinyi 11 baranze ihiganwa ryo mu gihugu ca Turky mu mwaka wa 2021-2022 Super Ligue.
Youssu Nyange yakinye inkino 28 , yinjiza igitsindo 1 atanga amapasi agera kuri 3 avamwo ibitsindo .
Instanbul Basaksehir akinamwo ukana warangije ihiganwa uri mu kibanza ca kane , ukaba waciye uronka n’amahirwe yo gukina inkino za Europa League.
Mwomenya y’uko Ndayishimiye Youssuf Nyange atazoboneka mu nkino zibiri intamba mu rugamba yimirije gukina kubw’imvune.