BurundiDiasporaEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Yuda Niko karirimbo gashasha ka Yvan Muziki

Akaririmbo kahawe izina rya Yuda niko kagiye gushirwa ahabona na Yvan Muziki mu misi ya Vuba.

Naho hatamenyekanye umusi kazoshirirwa ahabona, Yvan Muziki yashize ahabona ko kazoshirirwa ahabona rimwe n’amasanamu yako.

Ako karirimbo Kakaba kazoba gasohotse Inyuma y’amezi 3 ashize ahabona amasanamu y’indirimbo Itireti yakoranye na Bushali, imaze kurabwa n’abarenga 145,000 kuri YouTube.

Itireti nayo ikaba yasohotse inyuma y’Urugo ruhire yakoranye na Masamba na Marina imaze amezi 6, imaze kurabwa incuro Imiliyoni 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 292