HomeEast Africa NewsDiamond Platnumz ngo indege ni ngombwa

Diamond Platnumz ngo indege ni ngombwa

Imbere yuko umwaka uhera, Diamond Platnumz ngo ategerezwa kuzoba yamaze gushikana indege yiwe bwite muri Tanzania.

Ukugura iyo ndege ngo bisunikwa nuko ubu asigaye azunguruka cane isi, Kandi afise umugwi munini w’abanti bajana muri izo ngendo, nkuko aheruka kubiyagira abo dusangiye umwuga.

Uwo muririmvyi akaba avuga ko ukujana umugwi munini ubafatiye indege bisanzwe, ngo ni co kimwe no kugendera muyawe bwite.

Uwo muririmvyi akaba ashobora kuzoca aduza ibiciro vy’abakukeye, kuko gushika ubu amakuru ava muri Tanzania avuga ko uwo muririmvyi yahembwa ayangana n’70,000 $ kugira umuhagurutse muri Tanzania.

Ku bakurikirana amakuru y’umuziki, mwoba mugeruka kwumva ivyabaye ku giteramo Davido yashatse gukorera muri Kenya, ariko ntibahuriza ku giciro carimwo 25,000$ y’indege yiwe yomujanye muri Tanzania, ikamusubiza inyuma muri Nigeria.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...