BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Kuririmba Ururirimbo ruhayagiza Australie vyabaye umugisha kuri David Nduwimana

Mu mwaka wa 2020, David Nduwimana, umwe mu baririmvyi b’abarundi bakorera ibikorwa mu gihugu ca Australie yabonetse aririmba Ururirimbo rw’igihugu ca Australie (Hymne National), mu gihe c’ihiganwa rya Rugby rihuza imigwi ya Australia n’iya New Zealand.

Uwo muririmvyi avuga ko ubuzima bwahindutse kuva aririmba irya ndirimbo ihayagiza ico gihugu, ariko Kandi ngo n’indirimbo akunda cane nkuko yigeze kubiyagira ikinyamakuru SBS co muri ico gihugu nyene.

David Nduwimana Hampande yo kuba yarakunze urwo ruririmbo, bikamutuma arwiga akarunonosora, ivyamuhaye kururirimba neza cane gusumba abandi, nkuko ibinyamakuru vyo muri ico gihugu vyabuvuze, ngo ukwo kuririmba iyo ndirimbo ntivyari ibisanzwe, kuko yabaye umwirabura wa mbere yayiririmvye muri ico gihugu ahagaze mu Kibanza yarimwo.

David naho hano iwacu asa n’uwutavugwa cane, Ari mu gitigiri c’abaririmvyi bariko barakora, kuko afise Indirimbo zitari nke zikiriko zirakorwa ariko afise n’izindi zimaze gusohoka nka Uri Isoko canke Yesu ni Muzima.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 340