homepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_SportsUncategorized

Urunani rubandanya kugarura icizere mu bakunzi barwo

Gutakaza urukino mu ntara ya Gitega batsinzwe n’Umugwi Gymkhana vyavyaye akariro gake mu bakunzi sindamuvinyuma b’Urunani, muri bino bihe hakibonekeza ishaka rinini mu bakinyi, ndetse n’ibintu bisa nukwo biriko birasubira kuja mu buryo muri rusangi.

Gutsinda umugwi Brothers hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 21 05 2022 Ku manota 117 y’umugwi kuri 53 ya Brothers, vyazabye inguvu zishasha.

Kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Rusama, basubiye gutsinda vyoroshe cane ku gitigiri c’ibiharuro bitatu umugwi Aigle noir kumanota 107 y’Urunani hamwe na 48 ya Aigles noir, amahirwe yo guhagarara Ku maguru yose mw’ihiganwa Viva League aguma aba menshi.

Uku akaba aruko vyari vyifashe mu nkino zimwe zimwe zabaye ku musi wa gatatu igenekerezo rya 26 05 2022:

-Young Eagles 86-101 Gymkhana
-Tigers 54-48Brothers
-Urunani 67-64 Les Hippos

Kuwagatandatu igenekerezo rya 28 Rusama uku Niko vyari vyifashe

-Tigers 59-76 Les Hippos
-Aigle noir 48-107 Urunani

Mu ntara ya Cankuzo kuruno w’Imana igenekerezo rya 29 Rusama 2022 uku Niko vyagenze

-9h:Remesha 82-73 New Star

Tubibutsa ko ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye Viva basketball League ryitabiriwe n’imigwi 6 yomugisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yomugihugu hagati.

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 177