BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Drama T ngo gutaha n’amaguru nivyo bintu vyiwe

Drama T ngo ntari mu gitigiri ca bamwe Dj Paulin yavuga ko baterekwa ubutambiro, ahubwo we ngo urubanza rumwe rumara 2. 

Drama T ngo iyo Week end igeze aragenda gusangira n’abandi, haba muri Karaoke co kimwe no mu nzu z’ubutambiro.

Mu gihe abandi baba babona ko abafana bababonye boba bariko biyononera, ngo we siko abibona kuko ngo blkaba Ari akaryo ko guhura nabo, na rirya asohora gake gashoboka, ngo aca aboneraho kubiyegereza ngo bamugumane ku mutima.

Drama T muri ico kiyago ca Lundi Mechant na Ange Minouche na Bella NK yavuze ko ikintu akundira Karaoke arukigira abandanye aririmba neza, kuko akaririmbo baba bariko baririmba azi ngo aba ashaka bagende bajanye.

Muri ico kiganiro, Drama T yanavuze ko bihora bimufata agataha n’amaguru, iyo ata Modoka yasohokanye, kuko ngo Hampande yuko bimufasha kugenda aririmba, ngo aba ashaka no kwumva uko impwemu z’ijoro ziryoha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 54