BurundiDiasporaEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Abanyamerika ngo boba bagiye kwakira Big Fizzo

Inyuma yo kubura igiteramo yokoreye mu bwongereza, Big Fizzo ngo agiye gukorera igiteramo ku mugabane wa Amerika.

Mu makuru dukesha urubuga rwa Instagram Rwa Yassin umwe mu begereye uwo muririmvyi nuko uwo muririmvyi yerekanye ko hoba hari igiteramo kiriko kiramutegurirwa kuri uwo mugabane wa Amerika.

Biramutse bikunze, abariko barategura ico giteramo ntibasamare, uwo muririmvyi azoba asubiyeyo inyuma y’imyaka itari mike adahonyojeyo ikirenge.

Naho hataramenyekana ryari ico giteramo kizobera, ikizwi co Nuko mu ndwi buca dutangura, Mugani azokorera igiteramo muri Norway.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 144