BurundiIKIRUNDI_newskirundikirundi_Sports

Urunani rubandanya rwikomeza mu guharanira intsinzi

Mu makuru yacu aheruka twarababwiye ko umurwi Urunani BBC inyuma yo gutakariza urukino mu ntara ya Gitega bitawuciye intege ahubwo wahagurukiye gutsinda, mu ntumbero yo kugarukanira icizere abakunzi bawo.


Ntibagarukiye ng’aho gusa kuko nk’uko kuzana abakinyi bamenyereye amahiganwa ari umugenzo wabo ,kuri uno wa kane wa mbere wo mu kwezi kwa Ruheshe 2022 ,bashikanye ku kibuga c’indege ca Bujumbura umukinyi yamuka mu gihugu ca Nigeria azwi ku mazina ya Chibuzo Joseph Njoku yahora akina imbere mu murwi Nigérien Nigelec.

Ivyo biri uko mu Runani mu gihe iyindi mirwi biboneka ko buri ndwi yiyubura mu nkomezi zishasha aho twovuga nk’umurwi Gymkhana BBC wa Christal Gatabazi batazira Kibwa uza mu kibanza ca mbere, utarigera utsindwa n’urukino na rumwe mu nkino zitiriwe Viva basketball League.

Inkino zikaba zitegekanijwe uku gukurikira:

Ku kibuga ca Département hamwe no mu ntara ya Makamba:

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 04/06/2022 kuri Département:

-11h:Dynamo vs Young Eagles
-13h:Les Hippos vs Brothers

Ku kibuga c’i Makamba:

-11h: Tigers vs Urunani
-13h: Aigle noir vs Remesha

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 05/06/2022 ku kibuga ca Département:
-11h: Dynamo vs Brothers
-13h: Gymkhana vs Les Hippos

Ku kibuga c’i Makamba ku musi w’Imana:

-10h:Remesha vs Urunani

Tubamenyeshe ko ihiganwa Viva basketball League ririko rirakinwa n’imigwi igera kw’icumi harimwo imigwi 6 yo mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yo muzindi ntara.

Indundi Magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 116