BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Bamwe bati isabukuru Nziza abandi bati natezurirwe

Mw’ijoro ryakeye Aho hari hasigaye amasaha makeya ngo umuririmvyi Olegue n’ihasa ryiwe bahimbaze umusi w’amavuko yabo, umwe mu Bagenzi biwe ico we yipfuza n’uko uwo muririmvyi yotezurirwa.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp, Kingorongoro umwe mu ba Rappeur ba hano iwacu, yanditse kuri Status Ijambo rimwe “Free Olegue”.

Mu masaha makeya, abandi barimwo ibinyamakuru n’abaririmvyi ubwabo bakaba nabo bifurike uwo muririmvyi amaze imisi iri hafi kwegera amezi 2 mw’ibohero rya Mpimba, isabukuru Nziza.

Uwo musi ukaba uhuriranye n’uko inyuma ya Bface na Hosy, abandi baririmvyi barimwo n’abamenyeshamakuru bagiye kuraba uwo muririmvyi muri ico kibanza kitari ciza na gato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 131