Diasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Boris Evrard mubahamagaye Nel Ngabo muri Canada

Umuririmvyi Nel Ngabo agiye gukorera igiteramo ku mugabane w’amerika ya ruguru neza neza muri Canada, mu bamuhamagaye hakaba harimwo umurundi.

Boris Mucowintore biciye muri company yitwa MUCOWINTORE akaba Ari mu bahamagaye umuririmvyi Nel Ngabo Ari musi y’uburongozi bwa Kina Music.

Nkuko uwo musore asanzwe ategura n’ayandi mahuriro y’abarundi muri ico gihugu kibarizwamwo abatari yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ngo ico gikorwa ntiyacishoboje.

Mu babashije kumufasha muri ico gikorwa, ngo harimwo Franckson Promoter, kuko ariwe yabashije kumufasha kuronka uko avugana na Management ya Nel Ngabo.

Mu vyabashije gushikirizwa na Boris kuri urwo rubuga nuko hari n’abandi boba bakiriko barondera impusha (VISA) kugira bazobashe kuja gukorera igiteramo muri ico gihugu.

Ico giteramo categuwe na Company 3, kikaba kitaramenyekana ryari neza neza kizobera, bakaba bamenyesheje ko bazobishikiriza Vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 56