footballIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sportsprimus ligueSport

# Indundi Sports | Hon Réverien azohimbaza imyaka 52 abonye izuba

 

 

Uwashinze umugwi Aigle Noir Cs Honorable Réverien Ndikuriyo ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 18 Ruheshi 2022 , Azohimbaza imyaka 52 abonye izuba .

Kuri uwo musi akaba yashimye guhimbaza uwo munsi udasanzwe yifadikanije n’abakunzi b’umupira w’maguru .

ku bw’ivyo , yaciye abonera akaryo ko gutunganya urukino rw’umupira w’amaguru ruzohuza imigwi ya Aigle Noir hamwe na Messager Ngozi, Urwo rukino ruzobera ku kibuga Ingoma kiri ku murwa mukuru w’Intara ya Gitega igihe c’isaha icenda n’igice 15h30.

Umugwi uzotsinda urwo rukino Ndikuriyo Réverien azoha awuha imiriyoni 5 z’amarundi ( 5.000.000 FB) .

Mwomenyako uwo musi nyene hariya I Buganda mu Cibitoke , hazoba urundi rukino rwanyuma rwa Finale rwatunganijwe na Brarudi rwitiriwe izina rya Burikukiye , Urwo rukino ruzohuza Bumamuru Fc hamwe na Athletico New Oil Academy .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68