HomefootballInyenyeri 4 z’abahagarikizi b’Abarundi nizo zigiye guhagarikira urukino rukomeye muri Libiya

Inyenyeri 4 z’abahagarikizi b’Abarundi nizo zigiye guhagarikira urukino rukomeye muri Libiya

 

 

Abahagarikizi Mpuzamakungu 4 b’abarundi nibo bagiye guhagarikira urukino rukomeye cane ruzohuza imigwi idacana uwaka muri Libiya . Iyo nayo ni Al Ahli Tripoli hamwe na Al Ittihad .

Iyo Derby ikazoba kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 18 Ruheshi 2022.

Bakaba baciye bahitamwo kurondera abahagarikizi b’abarundi ku mvo z’uko batizeye abahagarikizi bo muri Libiya .

Abo bahagarikizi ni Pacifique Ndabihawenimana , Emery Niyongabo , Pascal Ndimunzigo hamwe na Georges Gatogato .

Mwokwibuka ko ukuyemwo Gatogato Georges , Abo bahagarikizi arbo baheruka guhagarikira urukino rwahuje Tunisie na Guinée Équatoriale mu nkino zo gukurakuranamwo barondera itike yo kuja muri CAN 2023 izobera muri Côté d’Ivoire.

 

 

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...