Homeabakinyi bakina hanzeIndundi Sports| Nyange na Patrick Kanianga n’abandi nibo baraye batahukanye ubushimwe bwa...

Indundi Sports| Nyange na Patrick Kanianga n’abandi nibo baraye batahukanye ubushimwe bwa Brarudi

 

 

 

 

Hari kuri uyu wa Gatanu Igenekerezo rya 17 Ruheshi 2022 , Isaha cumi na zibiri zo kumugoroba ( 18h00) mu karotiye kabondo ku kibuga gito ca Football for Hope Center  aharaye habereye ibiroro vyo gusozera ihiganwa ry’umwaka w’inkino wa 2021-2022.

Ubushimwe butandukanye bwaratanzwe ku bitanze gusumba abandi.

– Umukinyi mwiza akiri muto yavyifashemwo neza kandi ari ubwa mbere akina muri Primus League yari Richard Ndayishimiye akina mu mugwi ww Bs Dynamik.

– Patrick Kanianga Banza akinira umugwi Bumamuru Fc niwe yatowe n’abamenyeshamakuru b’inkino nk’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa rya Primus League ( Meilleur Joueur de l’année) asubira kandi atorwa nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri Primus League co kimwe na Murangira Ramires wa Top Junior bose binjije ibitsindo 14.

– Umunyegori mwiza yigenjeje neza ni Haile Shalom asanzwe asamira umugwi Athletico New Oil Academy.

– Youssuf Ndayishimiye batazira Nyange , yatowe nk’umukinyi akina mu mahanga yigenjeje neza kurusha abandi , ako kakaba ari agashimwe kagira kabiri yikurikiranije .

– Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara ya Cankunzo niryo ryashimiwe kuba ryaritanze cane gusumba ayandi mashirahamwe.

– Umumenyereza mwiza yaranze ihiganwa rya Primus League 2021-2022 , ni Momcilo Medic amenyereza umugwi Flambeau du Centre .

Abakinyi 11 bavyifashemwo neza kurusha abandi akaba ari aba bakurikira :

1) Nduwimana Haile Shalom
2) Hakizimana Issa
3) Irakoze Béni
4) Ngabonziza Blanchard
5) Harerimana Rashid Leon
6) Gakwaya Léonard
7) Murangira Ramires
8) Nahimana Shassir
9) Ndikumana Landry
10) Gakiza Aimé Nyandwi
11) Banza Patrick Kanianga

 

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...