HomefootballWarren Chebby yakoze ibintu bikoemeye mu Kayanza

Warren Chebby yakoze ibintu bikoemeye mu Kayanza

 

Mu ntumbero yo kuguma hafi y’urwaruka rukiri ruto Warren Shebby umurundi asanzwe aba mu gihugu c’Ubwongereza kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 19 Ruheshi 2022, yari yishikiye kuri Stade Gatwaro murukino rwa nyuma rwa Championnat local (Top Junior B VS Pélican FC Acad) aho iyo mirwi yashoboye kuvyitwaramwo neza umurwi wa Pélican FC Acad akaba ariwo watahukanye itsinzi (2-1) ukazonaca userukira intara ya Kayanza mu nkino za Barrage mu ntumbero yo kurondera itike yo kuja muri ligue B.

Warren Chebby NDAYISHIMIYE asanzwe buri umwaka agira ico afashije imirwi y’abana bakiri bato (académie) intumbero  yiwe uno mwaka mu buruhuko bwo muri iri ci azogendera ama académies atandukanye mu ntara za Gitega, Kayanza,Ngozi, Muyinga, Bujumbura hamwe na Rumonge Aho izo ngendo zizoba zifise icivuga ca : “DUTEZE IMBERE INTARA YACU BICIYE MU NGIRO MU GUSHIGIKIRA ABANA BAKIRI BATO BABISHOBOYE MU NKINO”.

Ikindi, Warren Chebby NDAYISHIMIYE yaciye ku mayange kuri contrat yo gufashanya hagati ya Top Junior n’ishirahamwe Figthness for life asanzwe aserukira mu BURUNDI  rikorera mu bwongereza aho yavuzeko bakirindiriye ko top Junior ishira mu ngiro ibisabwa, hama ku yindi mirwi yoba ikeneye gukorana n’iryo shirahamwe ngo imiryango iruguruye mu gihe bokurikiza ibisabwa.

Mwomenya ko ishirahamwe FITNESS FOR LIFE rimaze gukorana n’umurwi wa BUMAMURU FC ndetse bakaba bari no mu biganiro kugira barabe ko amasezerano yo kwambika uyo murwi abandanya .

Ikindi twobibitsa n’uko mu bushimwe bwatanzwe mu rukino rwa nyuma rwa Championnat local mu Kayanza Mr Warren Chebby NDAYISHIMIYE arongoye FONDATION BRIDGE THE GAP risanzwe rishigikira ama académie niryo ryatanze umushimwe bugizwe n’imipira na enveloppe ku mirwi yitwaye neza ndetse n’abakinyi bitwaye neza gusumba abandi ari kumwe n’icegera ca kabiri c’uwurongoye FFB Mr SAMUGABO Mustapha.

 

 

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...