BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo ngo Indirimbo ya Cherine ntimuyutege Vuba

Imwe mu myidogo igize igihe iriko iravugwa hirya no hino, n’ibura ry’indirimbo zisohoka ku bwinshi, z’abaririmvyi bo muri Bantu Bwoy.

Mu kiganiro Big Fizzo aheruka gutanga aganutse avuye I Burayi, yagarutse kuri iryo burya ry’izo ndirimbo, aho yariko avuga ku muririmvyikazi bafise muri Bantu Bwoy.

Muri ico kiyago, Big Fizzo yavuze ko batazihutira gusohorera Indirimbo uwo muririmvyikazi Cherine aheruka guhabwa amasezerano muri iyo nzu iri mu zikunzwe hano iwacu.

imvo y’ukwitondera kumusohorera amasanamu naho basanzwe bafise vyose bikenerwa, ngo n’ukugira babanze bamutegure, bamwigishe uburyo yokwifata, haba mu buzima busanzwe co kimwe n’imbere y’abamenyeshamakuru bashobora kumutera kumena amabanga.

Uwo muririmvyi akaba abishikirije inyuma yaho umuririmvyi Drama T nawe aheruka gushikiriza ko naho abantu bavuga ko Bantu Bwoy itariko iramusohorera Indirimbo, ngo we azi ibintu bikomeye uwo muryango umukorera.

Mwomenya ko uwo muririmvyi Dram T aheruka kumenyesha ko Hari ikintu kiriko kiraza, Inyuma y’igihe kingana n’umwaka wose adashira ahabona amasanamu y’indirimbo, ariko akaba yaheruka gushira ahabona Indirimbo zitari nke ziri muri EP Yise Revolution Rose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 56