abakinyi bakina hanzefootballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sportsprimus ligueSport

#Indundi Sports| Joslin Bipfubusa agiye kumenyereza umugwi Espoir Fc wo mu Rwanda

Umumenyereza  Bipfubusa Joslin yaraye ashize umukono ku masezerano yo kumenyereza umugwi Espoir Fc wo mu gihugu c’Urwanda. Joslin akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo mugwi mu kiringo c’imyaka itatu.

Bimwe mu bintu yasabwe na Espoir ni kutarenga mu bibanza 6 vya mbere nk’uko tubikesha inkinyamakuru Ejo .

Joslin akaba ariwe mumenyereza wenyene yamemyereje Aigle Noir ayifasha gutwara ibikombe bishika kuri 4 mu mwaka w’i 2019 harimwo ica Primus League hamwe n’ic’Umukuru w’Igihugu.

Muri Espoir Fc akaba agiye kuhasanga mukuruwe Méthode Bipfubusa asanzwe ari umumenyereza w’abanyegori b’uwo mugwi Espoir Fc.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 162