footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Umugwi Bumamuru wasinyishije Vivier Bahati

Umugwi Bumamuru Fc wo mu ntara ya Cibitoke wasinyishije umumenyereza Vivier Bahati yahora amenyereza mu gihugu ca Tanzania , umugwi wa Biashara United .

Vivier Bahati akaba azofashanya na Nduwantare Jean Marie Ismail yahora amenyereza mu gihugu c’Urwanda.

Uwo mumenyereza w’umurundi Vivier Bahati ni umwe mu bamenyereza bamaze kumenyereza imigwi ya hano iwavu nka Aigle Noir Cs , Musongati Fc , Les Lierres , Bs Dynamic, nayo muri Tanzania yamenyereje Biashara United hamwe na Azam fc nk’icegera.

Mwomenya ko umugwi Bumamuru Fc wahora ufashwa na Joslin Bipfubusa yawufashije gutwara igikombe c’Umukuru w’Igihugu hamwe n’igikombe ca Burikukiye.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 22