footballIKIRUNDI_newsSport

# Indundi Sports | ihiganwa ry’abigeme rigiye gufatwa mu mugongo na Lumitel

kuri uwu wa Kabiri igenekerezo rya 28 Ruheshi 2022, ku kigo c’ubuhinga ( Centre Technique National ), Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , ryagiraniye amasezerano n’ Ishirahamwe  Lumitel aho iryo shirahamwe ryiyemeje gutanga amafaranga agera ku miriyoni amajana ane na ziranu ( 405.000.000 Fbu) mu kiringo c’imyaka 3 , n’ukuvuga 135.000.000 Fbu ku mwaka .

Ayo masezerano akaba yari mu ntumbero yo gushigikira ihiganwa ry’icicaro ca mbere ry’umupira w’amaguru w’abigeme mu Burundi .

Mwomenyako iryo higanwa rizoca rinahindura izina ryitwe Lumitel Womens League nk’uko vyashikirijwe n’uwutwara FFB Gén de Brigade de Police Muyenge Alexandre .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 14