abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsintamba murugambaprimus ligue

# Indundi Sports | Rayon Sport ikinamwo Samuel na Makenz yaraye itahukanye ikibanza ca 3

Umugwi Rayon Sport wo mu gihigu c’Urwanda ukinamwo abakinyi babiri b’abarundi aribo Karim Nizigiyimana Makenz na Ndizeye Samuel waraye utahukanye ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa ry’igikombe c’igihugu ( Coupe de la Paix 2022).

Abo bakinyi baraye bafashije Rayon Sport gutwara ikibanza ca gatu kuko bari mu rutonde rw’abakinyi 11 batangujwe mu kibuga kuruhande rwa Rayon Sport .

Rayon Sports ikaba yaraye inyagiye Police Fc ibitsindo 4-0.

Uwundi mukinyi w’umurundi yaraye abonetse muri urwo rukino ku ruhande rwa Police Fc ni Moussa Omar nawe nyene akaba yarashoboye gukina urukino rwose .

Mwomenyako umugwi Rayon Sports mw’ihiganwa rikurikira uzomenyerezwa n’umurundi Haringingo Francis Mbaya ari kumwe na Vladmir Niyonkuru nk’umumenyereza w’abanyegori abo bompi bakaba bahora mu mugwi Kiyovu Sports.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 15