footballIKIRUNDI_newsintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yagendeye intamba z’abigeme

Kuri uwu wa Kabiri igenekerezo rya 28 Ruheshi 2022 , Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, Angeline Ndayishimiye yaramutse agendera abigeme bakina mu murwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba aho bakorera imyimenyerezo ku kigo c’ubuhinga ( Centre Téchnique National ) kiri mu Ngagara .

Mu majambo yashikirije yasavye ko abo bigeme boba abaserukizi beza.

Akaba yagize ati ‘’ Mwiteye iteka , muritera n’igihugu cabibarutse . muzotubere abaserukizi beza’’. Akaba yongeye avuga ati ‘’ kera siko vyari bimeze’ umupira w’amaguru twabona ko ari uw’abahungu bonyene , ariko ubu namwe murabona ko mushoboye , ndabaravye mbonako mutazotumaramaza, muri abaserukizi beza ‘’

Angeline Ndayishimiye yasavyeko batogarukira ku mugabane wa Africa baze bigenze neza baduze ibendera ry’Uburundi kuburyo aho bazoja hose, hamwe abobabona bazoce bibwira ubwo nyene ko umwigeme w’umurundikazi ashoboye ‘’

Mwomenyako Intamba mu rugamba z’abigeme zizofata urugendo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2022 , berekeza mu gihugu ca Maroc kwitabira inkino zo kumugabane wa Africa CAN z’abigeme zizotangura igenekerezo rya 02 Mukakaro 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 22