footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Mane yarasezeye, Salah yongerwa amasezerano, anadugirizwa umushahara

Mu gihe Sadio Mane yaseseye Liverpool, akerekeza mu budagi muri Bayern Munich, Mohamed Salah wewe yemeye kubandanya arikumwe n’uwo mugwi.

Kuri uyu wa 5, niho umunya Egiputa, Mohamed Salah, yashira umukono ku masezerano yo kubandanya gukinira uwo mugwi Liverpool, iyindi myaka 3.

Uwo mukinyi akaba yemeye kubandanya gukinira uwo mugwi mu gihe amasezerano yiwe yaragisigaje umwaka wose, inyuma y’imyaka 5 yari iheze akinira uwo mugwi.

Abasanzwe batwara uwo mugwi bakaba baryoherewe uwo mukinyi wabo. Nkuko bavyerekanye ku rubuga rwabo.

Uwo mukinyi yahambije Liverpool avuye muri AS Roma mu mwaka wa 2017, akaba agiye guhembwa 350,000 £ ( arenga gato 1,050,000,000 fbu) buri ndwi, nkuko vyemezwa na The times. Akaba abaye umukinyi wa mbere w’uwo mugwi ahembwe amahera menshi kuva uwo mugwi watangura.

Salah akaba nkuko bishikirizwa na Liverpool, amaze gutsinda ibitsindo 156 mu ncuro 254 amaze gukinira uwo mugwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 59