abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newskirundi_Sports

#Indundi Sports| Gaël Bigirimana munzira yerekeza muri Young Africans

Umugwi Young Africans wo mu gisagara ca Dar es Salam uri mu nzira yo kugura abakinyi bashika kuri batanu harimwo icegera ca kizigenza w’Intamba mu rugamba Gaël Bigirimana.

Amakuru twasomye mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania avuga y’uko umumenyereza w’umurundi Cédric Kaze ariko avugana n’uwusanzwe ahagarikiye ibikorwa vya Gaël Bigirimana kugira arabe y’uko yoza gukinira umugwi Young Africans.

Umugwi Young Africans akaba ariwo mugwi watwaye ibikombe vyose vyo mu gihugu ca Tanzania harimwo ic’ihiganwa rikuru , ninawo uzokina ihiganwa rya CAF Champions League yo muri Africa .

Mwomenya ko Gaël Bigirimana yahora akinira ugwi Glentoran wo mu gihugu ca Irlande du Nord , uwo mugwi ukaba utashimye kumwongera amasezerano.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186