abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsintamba murugamba

# Indundi Sports | Rukiya Bizimana mu rutonde rw’abakinyi bahiganirwa agashimwe ka CAF

 

Umukinyi w’intamba mu rugamba z’abigeme Bizimana Rukiya yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 10 bakiri bato  bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira rya CAN y’Abigeme , no mu bakinyi 30 beza hazotorwamo umwe yigenjeje  neza muri uwu mwaka .

Ako gashimwe akaba ariko agahiganirwa n’ibindi bihangange vy’abakinyi b’abigeme vyo muri Africa .

ni irya mbere mumateka y’umupira w’amaguru wabigeme hano iwacu habonetse mukinyi ashirwa mu rutonde rw’abakinyi bahiganirwa ako gashimwe k’umukinyi w’umwigeze akiro muto yaranze umwaka w’i 2022.

ikibabaje cane n’uko atigeze ashirwa mu rutonde rw’abakinyi bajanywe mu nkino za CAN 2022 ziriko zibera mu gihugu ca Maroc .

Mwomenyako Rukiya mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira inkino zanyuma za CAN , yinjije ibitsindo bishika kuri 5 wenyene mu nkino zibiri z’abahuje na Djibouti .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 15