BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Chiko ngo aravyaza umusaruro umwanya yumviriza Indirimbo kwi radio

Abaririmvyi basanzwe baryohera ababa basohokeye mu bubare butandukanye hano iwacu, ngo ntibakunze kwitaho kuririmba Indirimbo zabo.

Mu kiganiro Chiko aheruka guha Indundi Tv, yagarutse kuri ico kintu, anasiguta we uko abigenza ngo bikunde aririmbe iziwe, ariko Kandi anaririmbe iz’abandi.

yagize Ati : “Haje ama radio kubera twumvirize Indirimbo z’abarundi, n’iz’abandi Bose. Jewe rero ndi umuntu wa mbere yumviriza I radio cane cane, I radio ndayumvirije ngomba kumenya Indirimbo z’abandi nkazimenya, ntikibuza ko n’iz’iwanje ndazikora, kuko umwanya urahari. radio ni muhira, ariko ndi hanze nkaca nkora iziwanje, n’ibindi bikorwa, ubuzima bugakomeza.”

Uwo muririmvyi akaba naho afatirwa ahora buri gihe asohora Indirimbo. Akaba adaherutse gukora Indirimbo arikumwe n’uwundi muririmvyi ahubwo akaba agize imisi yikorana wenyene.

Mwomenya ko Imbere y’itera ry’ikiza c’umugera wa CORONA, yarasanzwe akorera Karaoke I Kigali, Aho yarikumwe n’abandi baririmvyi batandukanye, bagize umugwi Chare Jazz Band, aho baharurwa mu migwi rutumwako I Kigali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 54