BurundiDiasporaEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Festival izohuriramwo Abarundi gusa I Kigali

+257 & Freinds Festival ni kimwe mu bikorwa biriko bitegurwa na Iwacu +250 isanzwe irangurira ibikorwa vyabo ku gihugu kibanyi c’Urwanda.

Ico gikorwa kimaze igihe kitari gito kiriko kirategurwa, kikaba kizohurizwamwo abaririmvyi, abatamvyi, aba Dj, abatamvyi b’ingoma n’abafise izindi ngabire bakomoka hano iwacu.

Abamaze kumenyekana hariho Christian Ninteretse yatwaye Primusic mu mwaka wa 2014, Michael Senganzi asanzwe Ari mu barundi batwenza cane bakorera muri kano karere, Dj Ry, Intwari Club basanzwe bavuga umudiho w’ingoma, ukagira n’umugwi w’abagore batamba intambo za hano iwacu.

Ico gikorwa Cari giteguwe mu bihe vyo kwibuka ukwikukira kw’Uburundi, kikaba cahavuye cungururizwa ku matariko ya 10/7, n’ukuvuga kuri uyu w’Imana urangiza indwi ya 2 y’ukwezi kw’7.

Ico giteramo kizobera mu gace kitwa Kicukiro, neza neza Sonatube (Kubazi I Kigali), kikazotangura isaha umunani n’umuhingamo, nayo kwinjira akazoba Ari ayababa 15,000 fbu (5000 frw).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 56