Mu gihe umugwi wo mu gihugu c’ubufaransa Paris Saint Germain wamaze gutangura imyimenyerezo, bakoreshejwe n’umumenyereza wabo mushasha, Christophe Galthier, ngo hari abasore bamwe bamwe bariko berekwa inzira isohoka.
Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Espagne bikaba bivuga ko igitigiri gihari Ari 9, muribo hakaba habonekamwo wa murundi wacu yarasanzwe akina inyuma ariwe Thilo Kehrer yanaheruka hano iwacu.
Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo ku mugabane w’Uburayi, avuga ko abariko berekwa inzira isohoka Ari abakinyi badakunze gukina, abo nabo uwo mumenyereza mushasha wa PSG akaba atabashaka mu mugwi azomenyereza. Abo bakinyi ngo bazohitishwamwo kurondera imigwi, canke kutaronka umwanya wo gukina.
Naho biruko, uwo musore afise unwenegihugu bw’Uburundi akagira n’ubw’ubudagi, ngo umugwi wo mu butariyano woba uriko umuraba ryiza.
Naho yipfuzwa na Ac Milan ngo hoba hari ikibazo gikomeye kijanye n’umushahara kuko muri PSG ngo bahembwa umurengera, imigwi itari mike kuri uwo mugabane idashobora kubaha.
Gushika Ubu Christopher Galthier ngo yipfuza abakinyi bazobasha kuronka umwanya wo gukina muri uwo mugwi, kuko kubwiwe ngo kudakinisha umukinyi Ari ukumwica.
Ku bakurikiranye amakuru ya Thilo Kehrer aho yari hano iwacu, akaba atigeze acira hasi ko ataryohewe muri uwo mugwi, ariko hakaba hari ikinyamakuru co mu bufaransa ko uwo mukinyi yahinduye umuhanuzi mu Ntumbero yo kuraba uko yoja mu wundi mugwi nkuko bivugwa na Ouest France.