homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Agacerere ka Masterland ngo agiye kurekura Mafu

Masterland kuva umwaka w’2022 utanguye nta ndirimbo yari bwasohore bikaba biri muri biwe benshi bibaza ko ari mu gacerere gateye ubwoba abandi nabo bati ngo asa n’uwabihevye.

N’ubwo biri uko mu biganiro yagenda arakora hirya n’ino co kimwe no kuri Indundi Tv yavuga ko ibikorwa ari vyinshi abandanya ariko arakora gusa kubera bisaba n’uburyo kugira akore vidéo nziza niyo mpamvu avyitondera.

Ariko ikibazo caguma kigaruka ni kubera iki adashaka kurekura indirimbo nshasha ibitari bimenyerewe ko ateba nk’uku?

Masterland ikikibazo acishura agira ati: “Ndacariko ndabitunganya kugira nzobazanire igikorwa ciza hari urukurikirane ndiko ndategura ndazi muzoryoherwa.”

Kuva igenekerezo rya 6 Mukakaro uyu mwaka nyene
abicishije ku mbuga ziwe yahamagariye abakunzi biwe kubandanya barindiriye ngo ni vuba kuko n’izina ry’indirimbo agiye kurekura yarishize ahabona “Mafu” nirwo ruririmbo agiye gushira ahabona
aremeza neza ko ari ururimbo ruzotuma muryoherwa n’iri ci (summertime)

Mukurindira iyo ndirimbo yiwe tubandanye turyoherwa n’ururirimbo rwiwe agiye gusubiriza ” “Nsomya”
youtube yiwe ni Masterland

What's your reaction?

Related Posts

1 of 331