Icegera ca Kizigenza w’Intamba mu rugamba Gaël Bigirimana ahejeje gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Young Africans mu kiringo c’Imyaka 2.
Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constatin , ari nawe yagize uruhara runini kugira aze gukinira Intamba mu rugamba niwe yari ahagarariye amasezerano yiwe .
Guhitamwo kuza muri Africa mugihe yakiniye imigwi ikomeye yo mu bwongereza nka New Castle , Coventry City n’iyinindi yoba ari ingingo ziza kuri Gael ?
Bikavurwa ko Gaël Bigirimana yoba yahawe amafaranga atari make bituma ahitamwo gukinira uwo mugwi Young Africans .