footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

Neymar ahanurwa kwerekeza muri Chelsea

Neymar ngo akinjuye muri PSG ntiyobura uwundi mugwi ukenera kumwiyegereza, ivyo bishikirizwa na Rivaldo, umunya Bresil mugenziwe.

Mu kiganiro, uwo mukinyi wa kera w’umugwi nserukiragihugu wa Bresil, yahaye ikinyamakuru Betfair, yavuze ko uwo mukinyi wa PSG afise imyaka iyindi myaka itari mike yo kwerekana ico ashoboye kuri uwo mugabane w’Uburayi.

Uwo mukinyi Kandi ngo Hampande y’ukuba asigaranye imisi itari mike yo gukina, ngo n’imigwi itandukanye yo Ku mugabane w’Uburayi, iramuraba ryiza. Akaba Rivaldo ahanura uwo mukinyi mugenziwe ko yoraba akareka gushaka kwerekana ico ashoboye muri uwo mugwi <PSG> ahubwo akegera iyindi.

Rivaldo akaba avuga ko imigwi itari mike itoreka kumwakira, Aho avuga ko nka Chelsea itoreka kumushirako amaboko.

Ivyo uwo mukinyi wa kera w’umugwi nserukiragihugu wa Bresil, akaba abishikirije mu gihe bivugwa ko Neymar ari mu gitigiri c’abagurishwa na PSG, ariko Kandi hakaba hari ikibazo c’abamushaka kubera umushahara w’umurengera ahembwa muri uwo mugwi, kuko ukumugurisha vyo igiciro bivugwa ko Ari 50,000,000 z’amanyaburaya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 160